Séraphin Twahirwa yari yarakatiwe gupfungwa burundu ku vyaha vya jenoside yapfuye ku myaka 66

Séraphin Twahirwa, ahagaze amwenyura, yambaye ikoti na 'cravate', inyuma  ku ruhande rumwe hari itara ryaka, no ku rundi hari itara ryaka
Insiguro y'isanamu, Mu 2023, sentare y'i Buruseli mu Bubiligi yari yakatiye Séraphin Twahirwa gupfungwa burundu nyuma yo kwagirwa n'ivyaha vya jenoside yabaye mu Rwanda
  • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
  • Igikorwa, Umumenyeshamakuru ari i Buruseli

Umunyarwanda Séraphin Twahirwa yagiriwe n'ivyaha vya jenoside yabaye mu Rwanda mu 1994 agakatirwa gupfungwa burundu, yaraye apfuye afise imyaka 66.

Twahirwa yapfuye mu gitondo c'ejo ku wa gatanu i Buruseli mu Bubiligi, nk'uko umunyamategeko we n'umuryango we babivuga.

Maître Vincent Lurquin yaburanira Twahirwa, aganira na BBC Gahuzamiryango yemeje ayo makuru yuko Séraphin Twahirwa yapfuye.

Yagize ati: "Urupfu ntirubesherwa, umukiriya wanje Séraphin Twahirwa ntakiri muzima, hari haciye igihe yarakuwe mu gasho aja kuvurirwa mu gisata c'indembe (soins palliatifs) mu bitaro vya Saint-Luc i Buruseli mu Bubiligi. Jewe ubwanje naragiye kumusuhuza ariko narabona ko atakizovamwo."

Me Lurquin avuga ko Twahirwa yari asanzwe arwaye indwara ya kanseri (cancer) mu kuguru yavuye kw'isanganya yagize mu myaka ya 1980.

Yagendana ukuguru kw'uguterano (prothèse), ndetse yari asanzwe afise n'indwara ya diyabete (diabète). Me Lurquin avuga ko yari yarasavye ko atopfungwa kuko asanzwe arwaye ariko ko ubutungane bw'Ububiligi bwavyirengagije.

Ati: "Ibintu vyagiye kwunyuka agiye muri gereza kuko yaciye aremba gusumba kandi vyaraboneka ko ashobora gupfirayo ariko ntacakozwe."

Skip podcast promotion and continue reading
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of podcast promotion

Ayo makuru y'urupfu rwe aremezwa kandi n'umuryango wiwe mu itangazo basohoye.

Twahirwa yari apfungiwe muri gereza ya Haren i Buruseli mu murwa mukuru w'Ububiligi kuva italiki 20 Kigarama (12) mu mwaka wa 2023, umunsi yacirirwa umunyororo wo guherayo (burundu) na sentare y'abanyagihugu ica imanza zikomeye z'ivyaha y'i Buruseli (cour d'assises), ku vyaha vya jenoside yo mu Rwanda.

Iyo sentare yari yahamije Twahirwa ivyaha vya jenoside aho yagiriwe no kwica abarenga 65 bo mu bwoko bw'Abatutsi, no kugomba kwica abashika 13 b'Abatutsi hamwe no gufata ku nguvu abigeme n'abakenyezi 12 bo mu bwoko bw'Abatutsi.

Sentare yari yamwagirije ko ivyo vyaha yabikoreye mu gace ka Gikondo mu mujyi wa Kigali aho yari asanzwe atuye, ari kumwe n'Interahamwe yari asanzwe arongoye.

Sentare yamwagirije kandi urupfu rw'Abatutsi bari bahungiye kw'ishure ry'ubuhinga rya ETO (Ecole Technique Officielle) ryo ku Kicukiro mu mujyi wa Kigali.

Ariko ivyo vyose Séraphin Twahirwa yarabihakanye, aho yari yamenyesheje ko ari mu ba mbere bahunze Kigali ubwo indege y'uwari Prezida Juvénal Habyarimana yari imaze gukororwa, avuga ko yahungishije umuryango wiwe kuko yari asanzwe afise umugore w'Umututsikazi.

Séraphin Twahirwa akaba yari muvyara wa Agathe Kanziga, umugore w'uwari Prezida Habyarimana.

Mu rubanza rwiwe, Twahirwa yavuze ko amasura (abatangabuhamya) umushikirizamanza (procureur) yazanye ari ay'ibinyoma kuko yategetswe na leta y'Urwanda kumubeshera. Ababuranira abazize n'abarokotse jenoside bavuze ko ayo yari amayeri yo guhakana ivyaha.