Hafi 40 baguye mw'isanganya ry'indege muri Kazakhstan
- Umwanditsi, Sofia Ferreira Santos
- Igikorwa, BBC News
Abantu baharurwa mu mirongo banyuranywe n'umunsi wa Noel mu kugwa mw'isanganya ry'indege muri Kazakhstan.
Iyo ndege itwara ingenzi yarimwo abantu 70 nk'uko abategetsi b'aho babivuga.
Abategetsi muri Azerbaijan aho iyo indege yari yahagarutse iva, bavuga ko harokotse abantu nibura 30.
Iyo ndege ya Azerbaijan Airlines y'urugendo nomero J2-8243 yadutsemwo umuriro igihe yariko iragerageza kwururuka gihutihuti hafi y'igisagara ca Aktau co muri Kazakhstan.
Iyo ndege yari igiye i Grozny mu Burusiya ariko irakebanurwa kubera igipfungu, nk'uko iyo kompanyi yabwiye BBC.
Amasanamu ya video yerekana iyo ndege yerekeza hasi ku muvuduko munini amapine yamaze gukora hasi, imbere y'uko yadukamwo urubeya rw'umuriro.
Kompanyi yavuze ko indege ''yururutse gihutihuti'' nk'ibirometero bitatu imbere yo gushika i Aktau.
Yari yahagurutse iva ku murwa mukuru wa Azerbaijan, Baku, isaha icenda z'ijoro n'iminota 55 kw'isaha mpuzamakungu (03:55 GMT) ku wa gatatu, ica igwa hasi isaha cumi na zibiri z'igitondo n'iminota 28 (06:28), nk'uko vyerekanwa n'amakuru afatwa y'urubuga Flightradar24 (rukurikirana amasaha y'ingendo z'indege).
Amakuru y'ibinyamakuru vyo mu Burusiya avuga ko iyo ndege yasekanye n'ikiguri c'inyoni imbere yo kugwa, ariko ivyo ntibirahinyuzwa ngo vyemezwe.
Abategetsi b'ibihugu biraba batanze ibitigiri bitandukanye vy'abantu bari muri iyo ndege n'abarokotse.
Iyo kompanyi yavuze ko ingenzi 62 n'abagendesha indege 5 ari bo bari muri iyo Embraer 190 ariko ayandi makuru avuga ko abarimwo bose bari 72. Abarokotse bari hagati ya 28 na 32.
Benshi mu bari muri iyo ndege ni abanya-Azerbaijan ariko harimwo n'abaturuka mu Burusiya, Kazakhstan na Kyrgyzstan.
Video itarahinyuzwa yerekana abarokotse bariko baravura bava mu bisigarira, bamwe bafise inguma zigaragara.
Azerbaijan na Kazakhstan vyompi vyatanguje amatohoza kuri iryo sanganya. Ambraer yabwiye BBC ko ''yiteguriye gufasha abategetsi bose biraba''.
BBC yarondeye kompanyi ya Azerbaijan Airlines ngo igire ico ivuze.
Embraer, uruganda rukora indege rwo muri Brezil, ni umukeba mutoya wa Boeing na Airbus, kandi runganywe amateka akomeye y'umutekano w'indege zarwo.